Ivyizerwa ku Ntambara Zo Mu Mpwemu, Igice ca 1 - Heaven's Family
Ivyizerwa ku Ntambara Zo Mu Mpwemu, Igice ca 1 - Heaven's Family
Ivyizerwa ku Ntambara Zo Mu Mpwemu, Igice ca 1 - Heaven's Family
You also want an ePaper? Increase the reach of your titles
YUMPU automatically turns print PDFs into web optimized ePapers that Google loves.
Nta kintu Imana yabwiye Adamu co kuba “imana” y’isi, canke kuganza ibintu vyose,

nk’ibihe, n’abantu bose bazovuka muri kazoza, n’ibindi nk’ivyo. Yahaye gusa Adamu

na Eva, nk’abantu ba mbere, kuganza amafi, inyoni n’ibikoko no kwuzuza isi no

kuyiganza.

Igihe Imana yacira urubanza umugabo, ntiyamubwiye kw’atakaje “ububama bwiwe

kw’isi.” Kandi, nta kintu co kubura ubutware ku fi, inyoni n’inka yabwiye Adamu canke

Eva. Kanatsinda, abantu baracaganza ifi, inyoni “n’ibitungano vyo kw’isi.” Abantu

baracacuzuza isi no kuyiganza. Nta bubasha Adamu yahawe n’Imana yatakaje igihe

yakora icaha.

Mbega Satani s’”Imana y’Iyi Si?” (Isn’t Satan “God of This World”?)

Mbega Paulo ntiyise Satani “imana y’iyi si,” na Yesu amwita “segaba w’iyi si”? Ego

barabivuze, ariko nta n’umwe muri bo yavuze ko Adamu yar’”imana y’iyi si” canke ko

Satani yabihawe n’ugucumura kwa Adamu.

Vyongeye, Satani kwitwa “imana y’iyi si” ntibisigurako Satani ashobora kugira

ic’ashaka cose kur’iyi si canke kw’Imana idashoboye kumuzibira. Yesu ni we yavuze

ngo, “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi” (Mat. 28:18, hongeweko insobanuro).

Ko Yesu afise ubushobozi bwose kw’isi, bisigurako Satani adashobora gukora adahawe

uruhusha na we.

Ni nde yahaye Yesu ububasha kw’isi no mw’ijuru? Ni Imana Data ubwiwe, kukw’ari

we abufise kandi ashobora kubuha Yesu. Ni co gituma Yesu yiswe na Se “Umwami

w’ijuru n’isi” (Mat. 11:25; Luka 10:21, hongeweko insobanuro).

Imana ni yo yamanye ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi kuva kw’irema. Yahaye ubu-

shobozi bukeya abantu ba mbere, kand’abantu ntibigeze batakaza ic’Imana yabahaye.

Igihe Bibiliya ivuga ko Satani ar’imana y’iyi si, bisigura gusa yukw’abantu bo mw’isi

(abatara vuka ubwa kabiri gusa) bakurikira Satani. Ni we bakorera, babimenya canke

batabimenya. Ni we mana yabo.

Mbega Satani Yarabihawe Koko? (Satan’s Real-Estate Offer?)

Abemerako Satani yabihawe koko bisunga inkuru ivuga ingene Satani yagerageje

Yesu mu bugaragwa, nk’uko Matayo na Luka bavyanditse. Reka turabe ivyo Luka

yanditse tubikuremw’icigwa: