16.01.2015 Views

imana itânga ikindi kimenyetso kitihenda kitwizeza ko inyakurwa no ...

imana itânga ikindi kimenyetso kitihenda kitwizeza ko inyakurwa no ...

imana itânga ikindi kimenyetso kitihenda kitwizeza ko inyakurwa no ...

SHOW MORE
SHOW LESS

Create successful ePaper yourself

Turn your PDF publications into a flip-book with our unique Google optimized e-Paper software.

Iradiyo y'Umuryango, ni urwego rutangaza amakuru y'ububwo bwa gikristo, rwegamiye Bibiliya, ariko rutagira ishengero rwegamiye.

IMANA ITÂNGA IKINDI KIMENYETSO KITIHENDA KITWIZEZA KO

INYAKURWA

NO KUDUZWA MW’IJURU BIZOBA ITARI 21 RUSAMA 2011

Imana, mu buryo

bw’imbabazi zayo nyinshi,

yaratanze ikimenyetso gitangaje

cane c’uko umwaka w’2011 ari

umwaka w’Inyakurwa n’Iduzwa

mw’ijuru rizozanana n’Umusi

w’Urubanza hamwe n’umuhero w’

isi. Mwibuke ivyo mu gitabo ca 2

Petero 3:8, mu ntumbero yo

kutwibutsa umwuzure wo mu

gihe ca Nowa no kwerekana isano

bifitaniye n’umusi wo kurandurwa

kw’isi uzoshika mu gihe ca

nyuma, Yrabivuze icese iti:

“Umusi umwe urí mu mwami ni

nk’imyaka igihumbi, kandi

imyaka igihumbi ni nk’umusi

umwe.”

Mu myaka iheze, twarize

muri Bibiliya yuko umwuzure

washitse mu mwaka w’4990

Kristo ataravuka. Ubuhérūka naho

vubavuba nyene, twize yuko

Umusi w’Urubanza uzoza mu

mwaka w’ 2011 Kristo amaze

kuvuka. Uyo mwaka w’ 2011

Kristo amaze kuvuka, ni neza na

neza imyaka 7,000 uhereye inyuma

y’umwaka 4990 Kristo ataravuka.

Imbere y’umwuzure wo

mu gihe ca Nowa gatoyi, Nowa

yabwirijwe n’Imana yuko mu misi

ndwi, umwuzure wobaye

watangura (raba mu gitabo c’

Itanguriro 7: 4, no guhera ku

murongo wa 10 kugeza ku wa16).

Hakoreshejwe imvugo yo muri 2

Petero 3:8 ivuga yuko umusi umwe

ari nk’imyaka igihumbi, Imana

yakoresheje Nowa, uwari asanzwe

ari umuvugabutumwa ( nk’uko

tubibona muri 2 Petero 2:5),

kugira aburire “ikiremwa muntu

yuko basigaranye imisi ndwi canke

imyaka 7,000 gusa kugira bahunge

ukurandurwa.” Kubera rero yuko

imyaka 2011 Kristo amaze kuvuka

ari neza na neza imyaka 7,000

inyuma y’igihe Nowa atangiye iyo

mburi, Imana yarahaye umwana

w’umuntu ikimenyetso ciza cane

c’uko Umusi w’Urubanza uzoshika

mu mwaka w’ 2011.

Imana iryo jambo

yarisubiyemwo kabiri kose iti

“Umusi umwe ni nk’imyaka

igihumbi” kugira bitwongere gose

ivyizero yuko ivyo vyagizwe

n’Imana kandi yuko bigiye gushika

vuba (raba mu gitabo c’ Itanguriro

41:32).

IKINDI CEMEZO

Imana, mu Mbabazi zayo

yaraduhaye kandi ikindi cemezo

rutura. Bimeze uku gukwirikira:

Twarize ko umusi nyawo

kandi ntabanduka w’umusaraba

wari Itariki 1 Ndamukiza, umwaka

wa 33 Kristo amaze kuvuka,

tugerageje kubifatanya

n’ikirangamisi cacu ca none. Itariki

1 Ndamukiza umwaka wa 33

Kristo amaze kuvuka, ni yo tariki

yonyene ishikije ibisabwa na

Bibiliya, nko mu vyerekeye kuba

ari ku musi wa Gatanu, ukongera

ugashika kw’itariki yo kurekura

canke gutanga umwagazi, ari nayo

tariki yari iyo kubambwa kwa

Kristo.

Twaramenye kandi mu

bindi bihe yuko itariki y’umusi wa

mbere y’Umusi w’Urubanza

izozanana n’itariki y’Iduzwa

rizoba mu buryo bwo Kunyakurwa;

naho ni, kw’itariki 21 Rusama

umwaka w’ 2011. Mugabo rero

haciye haboneka yuko hari neza na

neza imisi 722,500 uhereye

kw’itariki 1 Ndamukiza umwaka

wa 33 Kristo amaze kuvuka

ukageza kw’itariki 21 Rusama

umwaka w’ 2011. Iki kintu gitanga

ikindi cemezo ntabanduka, icemezo

cikwije c’uko kw’itariki 21

Rusama umwaka w’ 2011 ari

itariki yo Kuduzwa mu buryo bwo

Kunyakurwa, ikaba n’itariki

y’igihe Urubanza ruzotangura.

Kubera insobanuro

ihambaye cane y’ico cemezo

n’ukuntu ico cemezo gitangaje

cane, tuzofata akanya ko

kukivugako mu buryo buramvuye.

Ubwa mbere, dutegerezwa kwiga

ko dushobora kubivuga mu

majambo aramvuye no kudoma ku

gitigiri nyaco c’imisi, duhera

kw’itariki tuja ku yindi. Kugira

turonke igitigiri nyaco c’imisi kuva

ku gihe kanaka c’umwaka umwe

kugeza ku gihe nk’ico nyene

c’uwundi mwaka uwariwo wose,

twobanza gutahura yuko

abanyabwenge b’inyenyeyeri,

batoye mu myaka myinshi iheze

yuko hari imisi 365.2422 mu

mwaka wose wuzuye. Ni co gituma

mu kirangamisi cacu ca none hari

imisi 365 muri umwumwe wose

mu myaka itatu ikwirikirana.

Mugabo rero, buri myaka inine

yose ikwirikirana ifise imisi 366.

Ibi bigirwa n’uko baca bashirako

uwundi musi urengako mu kwezi

kwa (2) Ruhuhuma, kw’uwo

mwaka. Kubw’ivyo, incamwanya

y’igitigiri c’imyaka muri iyo

myaka ine gica kiba imisi 365.25.

Mugabo ivyo bice .25 vy’umusi ni

kininiya kuruta ibice .2422, gutyo

rero umusi uba uvuyemwo ku

kirangamisi buri uko haciye

imyaka 128 kugira ngo dushobore

kugumya ibintu biri mu buryo

butomoye neza.

Kubw’ivyo, ivyo

twokora gusa gusa, ni kugwiza

igitigiri c’iyo myaka itandukanya

kubiri ibihe vy’ivyagiye biraba ku

murongo w’ibihe, dukoresheje

igitigiri 365.2422 kugira tumenye

neza igiharuro nyaco c’imisi iri

hagati yavyo. Kubw’ivyo rero,

kuva kw’itariki 1 Ndamukiza

umwaka wa 33 Kristo amaze

kuvuka kugeza kw’itariki 1

Ndamukiza umwaka w’2011

(Kristo amaze kuvuka), harimwo

nezaneza imisi 2011 - 33 =

imyaka 1,978, umwaka umwumwe

wose ukaba ufise imisi 365.2422.

Ibi bingana n’imisi 722,449.

Igitigiri c’imisi kuva kw’itariki 1

Ndamukiza umwaka wa 33 kugeza

kw’itariki 21 Rusama umwaka w’

2011, ataco dusize inyuma (ni

ukuvuga harimwo umusi wa mbere

n’uwa nyuma) bica biba imisi 51.

Dushizeko iyi imisi 51 ku gitigiri

1

722,499 bica biduha nezaneza

igitigiri c’imisi 722,500, kuva

kw’itariki 1 Ndamukiza umwaka

wa 33 kugeza kw’itariki 21

Rusama umwaka w’ 2011 ata co

dukuyemwo. Iki gitigira ni kinini

mu buryo burenze. Ubu aho tugeze

rero, tuzoraba igituma ibintu

bimeze bimeze ukwo kuntu.

Ibitigiri bimwebimwe muri

Bibiliya birashobora gutanga

ukuri kwo mu buryo

bw’Impwemu

Imana mu bihe

bimwebimwe irakoresha amajambo

mu buryo kanaka bwo gushikiriza

ukuri kwo mu buryo bw’Impwemu,

n’aho nyene vyoba bitibonekeza

cane mu buryo ikoreshamwo ayo

majambo. Nk’akarrero, ijambo

“intama” kenshi na kenshi ridoma

kuri Kristo, rimugereranya

n’intama. Ijambo “umusozi”

akenshi risobanura “ubwami”,

“igihugu/canke umugwa”

risobanura “isi yose”, “amaraso”

risobanura Kristo atanga ubuzima

bwiwe, na “Yerusalemu” akenshi

risobanura Ubwami bw’Imana.

N’ubundi niko bimeze,

ibitigiri bimwe vyo muri Bibiliya,

vyandindtswe mu buryo bw’

amajambo, ariko bitanditswe mu

buryo bw’ibiharuro nyene, navyo

nyene akenshi na kenshi bifise

intumbero n’insobanuro vyo mu

buryo bw’ Impwemu. Tuzoraba

canecane ibitigiri bitanu bisanzwe

ari uburorero bwo muri ibi bintu,

mu buryo bw’uko navyo bifise

intumbero yo gushikiriza ukuri

kwo mu buryo bw’Impwemu. Ivyo

bitigiri navyo ni 3, 5, 10, 17,

hamwe na 23.

Igitigiri 3 gisobanura

intumbero y’Imana. Igihe Bibiliya

yandika ku vy’ukubambwa kwa

Kristo, turabona ko igitigiri 3

cahagazweko nk’ibihe 15:

imisaraba 3, abatumwa 3 bari

kumwe na Yesu mu murima,

Petero yihakana Yesu gatatu (3),

n’ibindi. Ibi bitatubitatu (3) vyose

bishimangira yuko vy’ukuri yari

intumbero y’Imana kuri Kristo

kugira ngo abambwe.

Igitigiri 5 gisobanura

indishi canke ugucungurwa (nayo

ikaba ari Kristo igihe yapfa ku

musaraba kugira atange indishi

y’ivyaha vy’abo bose yagira

acungure). Ibi biraboneka,

nk’akarorero, nko mu gitigiri

kivuga “igice” (1/2 canke .5)

indishi ya shekeli ihera ryari

ryagenewe kuba indishi. Raba mu

gitabo ca Kuvayo 30:15, havuga

ngo:

Abatunzi ntibárenze aho,

n’aboro ntibágabanye, kuri ico

kigabane ca Shekeli, ni

banshikanira iryo shikanwa ryo

kuba impongano y’ubugingo

bwabo.

Ishusho yo gucungurwa iriyerekana

ngaha muri izo Shekeli 5 mu gitabo

co Guharura 3:47-48:

Uz’ubake Shekeli 5 kw’incungu,

umuntu umwe-umwe ku mutwe

wiwe; Shekeli uzokwaka zize zibe

izigezwe kuri Shekeli ir’Ahera:

shekeli imwe irimwo gera

mirongwibiri . Ayo mahera

acunguye abasagutse uyahe

Aroni n’abana biwe.

Igitigiri 10 canke 100 (ni

ukuvuga 10 turigwije ibihe cumi)

canke 1,000 (bivuga 100 turigwije

n’icumi) bisobanura ibintu biri ku

gitigiri gikwiye ata gihazemwo.

Nk’akarorero, Bibiliya iravuga mu

mirongo imwimwe ivuga ku

mahera 10 canke intama 100 canke

imyaka 1,000. Imana ivuga ko

Satani azofungwa imyaka 1,000

mu Vyahishuriwe Yohana 20: 2-3.

Uko biri kwose, dufatiye ku yandi

makuru menshi yo muri Bibiliya,

tutazi yuko yapfunzwe hagati

y’imyaka 33 Kristo amaze kuvuka

n’imyaka 1988 Kristo amaze

kuvuka nyene. Iyi myaka 1,955

yo mu bihe vya none, igereranywa

n’imyaka igihumbi. Bibiliya

imuvuga ko yapfunzwe imyaka

1,000 kugira ngo isigure ko

yapfunzwe ikiringo c’ imyaka

ikwiye umupango w’Imana, iyó

uyifatiye muri bino bihe vya none

yari imyaka 1,955.

Igitigiri 17 akenshi na

kenshi bisigura “Ijuru”. Nk’

akarorero, mu gitabo ca Yeremiya,

Imana isigura ingene Umwami w’I

Babuloni yaranduye intara za

Yudaya na Yerusalemu. Uko kwari

ukugereranya uguhera kw’imyaka

y’ishengero iyo muri yo ariho

Satani nawe, yageranijwe

n’Ubwami bwa Babuloni

busambura Yerusalemu na

Yudaya, n’ukuntu yoganjije mu

mashengero. Muri uko kuntu

kuboneka nk’ukw’umwiheburo,

Yeremiya yabwirijwe kugura

ishamvu ku kiguzi ca shekeli 17

z’umujumbu. Imana yabwirije

Yeremiya yuko ubwo buguzi

bw’iyo shamvu kuri shekeli 17

vyari vyakozwe nk’isezerano

canke ukwerekana neza yuko igihe

kizoshika aho Isirayeli izosubira

kandi kwigarurira Yerusalemu no

kuba muri yo. Aho rero ni

ukuvuga, yukw’abantu kandi

bazosubira bakaja mw’ijuru. Raba

mu gitabo ca Yeremiya 32: 7-17.

Igitigiri 23 gisobanurwa

ukurandurwa. Ibi biratangwa

insiguro yavyo n’imiburiburi nk’

ahantu habiri mu majambo

akomeye yavuzwe muri Bibiliya.

Ahantu hamwe muri aho habiri,

hafise urwandiko ruvuga ivy’ikiza

gihonya Imana yarungikiye

Isirayeli, kubera yuko bari

batanguye gusenga ikigirwamana

citwa Bayali y’i Peyori. Imana

yaranditse ivy’ico igihano mu

gitabo co Guharura 25:9 havuga

ngo:

Abishwe n’ico kiza bar’ ibihumbi

mirongwibiri na bine.

Ku rugero runiniya cane,

Bibiliya iratwerekeza ku bijanye

n’iki kiza nyene mw’isezerano

Risha. Dusoma mu gitabo ca 1 c’

Abikorinto 10:8 ngo:

Kandi ntitugashakane nk’uko

bamwe bo muri ba bandi

bashakanye, maze hagapfamwo

abantu ibihumbi mirongwibiri

na bitatu ku musi umwe.

Witegereze neza, Imana

iratanga raporo ku vy’ukwo

kurandura kwo mu mwaka w’

24,000 mw’isezerano Rya Kera,

n’umwaka w’23,000 mw’Isezerano

Risha. Ibi ntabwo bivuguruzanya

namba. Igitigiri c’abantu 24,000

barahonye kandi 23,000 muri bo

bahonye ku musi umwe. Ibi

vyongera gushimangira isano riri

hagati ya vya biharuro n’uguhona.

2

Ukundi gushimangira ivy’

isano riri hagati y’igitigiri 23

n’uburake bw’Imana, kuraboneka

mu gitabo ca Daniyeli igice c’8.

Aho Imana ivuga ku bijanye

n’igihe (ico ubu hoho tuja

twamenye yuko arico gice ca

mbere ca ca gihe c’ibigeragezo

vy’agakura) kizomara imisi 2,300,

iyo muri yo ari ho Satani azoganza

amashengero mbere n’isi yose mu

gihe Imana izoba itanguye kuzana

uguhona ku mashengero, kugira

ngo iyategure yongere itegurire isi

yose wa Musi w’Urubanza.

Dusoma mu gitabo ca Daniyeli

8:13-14 ngo:

Maze numva uwera avuga;

kand’uwundi mu bera abaza

umwe yabanje kuvuga, ati

Bizogeza ryari ivyerekanywe

vy’ikimazi cahora gitangwa,

n’ivy’igicumuro kizanye

ubugesera, gitumye ahantu Hera

n’ingabo bitangwa

bigasiribangwa Aranyishura,

ati Buzokwira buce imisi

ibihumbi bibiri n’amajana atatu;

ni ho ahantu hera hazobona

guhumanuka.

Kuri izi mvugo

zakoreshejwe ngaha rero,

turashobora gutahura ko igitigiri 3

cerekana intumbero y’Imana,

igitigiri 5 naco kiri nk’ indishi

hamwe n’ugucungurwa, igitigiri

10 kikerekana yuko ikintu ari

igishitse, igitigiri 17 kikavuga

Ijuru, igitigiri 23 naco urubanza

canke uguhona.

Ibitigiri, cokimwe n’amajambo,

biratanga inkuru

Amajambo y’umuntu buntu

ubwiwe arashobora gutanga

insobanuro yo mu buryo

bw’Impwemu. Amakuru atanzwe

mu gace k’igisomwa kanaka

arashobora gushimangirwa cane

mu gihe ibitigiri bifise insiguro

y’ivyo mu Mpwemu aramutse

aboneka muri ako gace k’igisomwa

nyene, canke iyo bikaboneka

yuko afise insobanuro zifitaniye

isano. Nk’akarorero, dusoma mu

cete ca 2 c’Ab’i Korinto 2 : 15

kugeza ku murongo wa 16 ngo:

Kuko tur’ ubumote bwiza bwa

Kristo ku Mana, hagati

y’abariko barakira n’abariko

barahona. Kur’abo tur’agacuku

k’urupfu kazana urupfu, kuri

ba bandi tur’ubumote

bw’ubugingo buzana ubugingo.

Kand’ivyo ni nde abishobora

Muri iyi mirongo ibiri,

Imana iriko irasigura igikorwa

c’ubutumwa bwiza (ikaba ari

n’itegeko ry’Imana) ku buzima

bw’abo babwumva. Bizogira

ingaruka imwe muri izo zibiri.

Hamwe bizokora mu buryo bw’

Imana mu kuzana ubuzima

buhoraho n’ijuru ku babwumva.

Canke, buzozana uburake

bw’Imana kubera abumvise iryo

jambo ry’Imana bakomeje mu

bwansi no kutumvira amategeko

y’Imana.

Ikiryoshe rero, ubu

butumwa nyene bw’Ijambo

ry’Imana buzána agakiza canke

urubanza bunyegejwe mu gitigiri

gikwiye c’imyaka iyo ubwo

butumwa bwategerezwa

kuzotangwamwo n’amashengero

kw’isi yose. Twarize yuko ibihe

vy’amashengero vyatangunye

burya nyene inyuma y’aho Kristo

avyerekaniye, mu gihe co ku

musaraba, ukuntu yababajwe

mbere akanapfa kugira atange

indishi y’ ibicumuro vyacu. Aho

hari mu mwaka wa 33 Kristo

amaze kuvuka. Twize yuko imyaka

y’amashengero yo mu buryo

bwemewe n’amategeko, yatanguye

ku musi wa Pentekoti, itariki 22

Rusama, umwaka wa 33.

Vyarabandanije ukuri kwamye,

kugeza huzuye nezaneza imyaka

1,955 kugeza kw’itariki 21 Rusama

umwaka w’1988 aho ibihe

vy’amashengero vyashika ku

mpera yavyo.

Igitigiri 1,955 kigizwe

n’ibindi bigiri bitatu bifise ico

bisobanura, kimwekimwe cose

muri vyo kirashobora gufita

insobanura yo mu buryo

bw’impwemu. Ivyo bitigiri ni: 5

tukagwijije kuri 17 tukongera

tukakagwiza kandi kuri 23 = 1,955.

Ku bw’ivyo, kubw’ivyo bitigiri

Imana iriko itanga ubutumwa bwo

mu buryo bw’Impwemu

bwatangajwe mu gitabo ca 2 c’ab’ i

Korinto 2:15-16, ari nabwo

bw’ubwo twavuze aho hejuru:

igitigiri 5 (gisobanura indishi

canke incungu); 17 (kizana Ijuru);

na 23 (kizana uburake bw’Imana

canke ukuranduka).

Iyindi nsiguro ikomeye

yaratanzwe mu gitabo ca Yohana

igice ca 21. Muri aho hantu,

abigishwa bari barovye (canke

bafashe) amafi 153 mu rusenga

rudashobora gucika kandi na rwo

barashoboye kurukwegera i rusi/

ku nkombe. Birashobora

kwerekanwa ko aya mafi 153

yerekana abo bantu bose

bazokizwa mw’iyimbura rya

nyuma ry’abizeye vy’ukuri kugiye

kuzoba mu misi ya nyuma 6,100

y’igihe c’ibigeragezo vy’agakura.

Igikuru rero hano, urusenga

ntirucika , bigasobanura mu buryo

bw’Impwemu yuko ata bizeye

b’ibinyoma bazobamwo muri bo.

Aya mafi yerekana abizeye b’ukuri

gusa. Hari abantu benshi cane

bakijijwe ku mpera y’igihe

c’amashengero, naho hakaba ari

imbere gatoyi y’Umusi

w’Urubanza. Kubw’ivyo rero, ni

intumbero y’ Imana kubona

umuntu wese na buri wese

yaremerewe kuronka agakiza kiwe

gashitse (rero bazojanwa

mw’ijuru).

Igitigiri 153 kigizwe

n’ibitigiri 3 bikomeye: 3 x 3 x 17 =

153. Ibi bitigiri vyerekana yuko ari

intumbero y’Imana (3) kujana

mw’Ijuru (17) abo bakijijwe mu

misi ya nyuma y’ibigeragezo

vy’agakura. Ako 3 (gasigura

intumbero y’ Imana) karisubiriza

kabiri kugira vyerekane yuko ibi

vyapanzwe n’Imana kandi ko

Imana igiye kubishitsa vuba (raba

mu gitabo c’ Itanguriro 41: 32).

Ku bw’ivyo, turabona ingene

Imana ishigikira mu buryo

bw’Impwemu amajambo

yanditswe mu buryo bw’Ibitigiri,

biboneka muri ako gace kamwe

nyene canke naho agasigurika mu

buryo bwumvikana kumwe.

Igitigiri 722,500 co kivuga iki

Reka tugaruke ubu naho

ku misi 722,500, yo kuva

kw’itariki 1 Ndamukiza umwaka

wa 33 Kristo amaze kuvuka (umusi

3

Yesu yabambwa akongera agapfa)

kugeza itariki 21 Rusama umwaka

w’2011 (umusi w’iyuzuzwa

n’imaramazwa ry’umugambi

w’agakiza k’Imana ryuzurwa

burundu hamwe n’iduzwa

ry’abizeye b’ukuri hamwe rero

n’iduzwa, canke kunyakurwa, no

kuja mw’ijuru).

Igitigiri 722,500 kigizwe

n’utugwi tubiri tw’ibitigiri bimeze

kumwe kandi bifise insiguro.

Igitigiri kimwekimwe cose muri

vyo cerekeranwa ko gifitaniye

ubucuti n’umugambi w’agakiza

k’Imana mu buryo

bw’akaroruhore:

5 x 10 x 17 x 5 x 10 x 17 = 722,500

Indishi canke incungu

vyerekanywe n’ibabazwa rya Yesu

n’urupfu rwiwe kw’itariki 1

Ndamukiza umwaka wa 33 Kristo

amaze kuvuka (igitigiri 5)

cashikijwe 100% kw’itariki 21

Rusama umwaka w’2011 (igitigiri

10) aho abizeye bose b’ukuri

bazonyakurwa bakajanwa mw’ijuru

(igitigiri 17). Uko biboneka, uru

rutonde rurisubiriza rw’ibi bitigiri,

navyo bikerekana nyene yuko ari

umupango w’Imana kandi ko

bigiye kuzoshika vuba (raba mu

gitabo c’Itanguriro 41: 32).

Bakundwa musoma, twari

dukwiye kuba twotangazwa cane

n’ivyo tumaze kwiga. Ibi vyose

tumaze kwiga bishobora kuba vyo

gusa kubera iyo Mana nyene

yaremye isi n’ibi vyose tubona,

ariyo y’iyo Mana nyene yapanze

uyu murongo w’ibihe ntabanduka

wa kahise. Noneho nk’uko

n’amategeko asanzwe yaratanze

uruhusha rwo kurungika ikirokete

canke ikigendajuru mu kirere kuri

Mars bayagenderako kandi

bakayemera kw’ari ay’ukuri, canke

kimwe n’amategeko agenga ivyo

vyose tubona vyaremwe n’Imana

tukemera kw’ari ivyo kwizigirwa,

ni ko bimeze no ku mategeko

agenga idondora ry’umurongo

w’ibihe w’Imana.

Dutegerezwa kugira ico

tuvuze hanyuma ku bijanye n’uku

kuntu kurengeye gutahura kw’iki

cemezo gisanzwe gifise ishingiro

ryose mu makuru ya Bibiliya.

1. Kw’itariki 1

Ndamukiza umwaka wa 33 Kristo

amaze kuvuka, ni itariki Imana

igomba ko twitaho cane, kandi

niyo tariki Kristo yabambiweko

kugira vyerekane ingene yapfiriye

ivyaha vyacu ku bw’amasezerano.

Igitigiri 5 cakoreshejwe n’Imana

kugira iduhe kwitwararika uyo

musi, mu buryo bushoboka bwose

bwoshobora gusobanura indishi mu

buryo bw’Impwemu.

2. Agakiza kacu

kashikijwe gose mu gihe abizera

nyakuri baronka imibiri y’ubuzima

buhoraho, imibiri yazutse. Ibi ni

vyo bizoshika ku musi wo

kunyakurwa no kuduzwa mw’ijuru,

kw’ Itariki 21 Rusama umwaka w’

2011. Kubw’ivyo rero, ikiringo co

kuva kw’itariki 1 Ndamukiza

umwaka wa 33 Kristo amaze

kuvuka kugeza kw’itariki 21

Rusama umwaka w’ 2011 (yose ata

n’umwe ukuwemwo), ni ikiringo

cose c’umwanya wo kuva ku gihe

Imana itwereka ingene agakiza

kacu kujujwe kugeza ku gihe mu

gihe agakiza kacu kari gashikijwe

gose. Ibi birahuye neza n’igitigiri

10, gisobanurwa ugushitswa.

3. Kw’ itariki 21 Rusama

umwaka w’2011, itariki

y’ukunyakurwa no kuduzwa

mw’ijuru, umwumwe wese na buri

muntu yakijijwe, azoja mw’ijuru

kubera agakiza kiwe karashikijwe

gose. Igitigiri 17 kirahakwije neza

kubera, tukiravye mu buryo bw’

Impwemu, gisobanura Ijuru.

4. Ukwisubiriza

kabirikabiri kw’ibitigiri 5 x 10 x 17

co kimwe n’u kwisubiriza

kw’ijambo “umusi ni nk’imyaka

igihumbi”, bitwizeza vy’ukuri

yukw’ibi vyemezo vyashizweho

n’Imana, kandi kw’ Imana igiye

kuzobishitsa vuba. Ariko si ikintu

kiryoshe ga yemwe kubona Imana

ikoresha iyi ngingo yo kwisubiriza

kabirikabiri kugira ishimangire iryo

sezerano ry’uko kw’ itariki 21

Rusama umwaka w’201, ari

ntabanduka, kandi tukabona ko

n’Imana yakoresheje ingingo yo

kwisubiriza kabirikabiri kugira

itwizeze mu buryo ntangere yuko

Umusi w’urubanza ari nezaneza

imyaka 7,000 inyuma y’Umusi w’

Umwuzure wo mu gihe ca Nowa

Ico bikoze, mu maso

y’aya makuru yose agoye kwemera

gutya, umuntu yokwubahuka gute

guharira na Bibiliya ku bijanye

n’ukuri ntayegayezwa kw’uko

intango y’Umusi w’Urubanza

hamwe n’Iduzwa mw’Ijuru mu

buryo bwo Kunyakurwa bizoshika

kw’itariki 21 Rusama umwaka w’

2011

FAMILY RADIO

(Iradiyo y’umuryango)

Kuri bwa buhinga bwa none kuri

www.familyradio.com

Twandikire ku murongo

w’amakete ku buhinga bwa none

kuri

international@familyradio.com

Aderese ya Posita: Family

Stations, Inc., Oakland,

California 94621 , U.S.A.(Canke

Leta Zunze Ubumwe za

Amerika)

Kugira uronke amakuru menshi

kuri iki kibazo, urashobora

kwakura Ibigo vy’Ishirahamwe y’

Iradiyo y’Umuryango (Family

Stations, Inc) kugira wironkere

amakopi ya gusa y’:

Udutabo:

We Are Almost There

To God Be the Glory

I Hope God Will Save Me

bisobanura ngo:

Turi hafi gushika!

Ishimwe ribe iry’Imana!

Ndizeye kw’ Imana izonkiza

Tracts:

Judgment Day: May 21, 2011

No Man Knows the Day or the

Hour

Bisobanura:

Uduce :

Umusi w’Urubanza: Itariki 21

Rusama, umwaka w’ 201, hamwe

na

Nta muntu n’umwe azi Umusi

canke Isaha

4

Hooray! Your file is uploaded and ready to be published.

Saved successfully!

Ooh no, something went wrong!